Uko wahagera

MSF: Abimukira Hafi 100 Barapfiriye muri Mediterane Kuwa Gatandatu


Abimukira bavuye ku mugabane wa Buraya mu bwato mw'ibahari Mediterane
Abimukira bavuye ku mugabane wa Buraya mu bwato mw'ibahari Mediterane

Abantu hafi 100 barapfiriye mu mazi mpuzamakungu inyuma yo kwanduruka bavuye muri Libiya mu bwato bwarimwo umurengera w’abantu.

Ishirahamwe ry’Abafaransa ry’abaganga batagira imbibe, MSF, ryavuze ko ubwato bw’urudandaza bw’ibitoro, Algeria 1, bwatabaye abantu bane ku musi wa gatandatu mu gatondo. MSF ryavuze ko abo barokotse bavuze ko bari bamaze imisi ine mu mazi mu bwato barimwo bashika 100.

Umuyobozi mukuru wa HCR, mu butumwa kuri Twitter yavuze ko abantu barenga 90 bapfiriye muri Meditarane. MSF ryavuze ko abatabawe ku musi wa gatandatu bakenewe gukingirwa vyihuta no gufashwa kandi atawosubiza muri Libiya ku mvo z’umutekano.

Libiya imaze imyaka irenga cumi mu ntambara, bituma yaciye iba umuhora w’abimukira bava ku migabane ya Afrika na Aziya bagerageza kwinjira ku mugabane wa Buraya.

Ishirahamwe rya Buraya rikunze kunegurwa ko rikorana n’abasirikare ba Libiya bacungera imbibe z’amazi mu kugabanya ibitigiri vy’abimukira bashika ku nkengera z’amazi ya Buraya.

Imbere y’iri sanganya, ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, ryavuze ko ryatororokanije abantu 367 bamaze gupfira mw’ibahari Mediterane gushika aho umwaka ugeze ubu. Iryo shirahamwe rivuga ko mu 2021 hapfuye abantu 2.048.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG