Uko wahagera

Ghana Izotangura Gukora Incanco za Covid-19


Ghana izotangura gukora ubwayo incanco z'ukwikingira ikiza ca Covid-19 mu kwezi kwa mbere mu mwaka w'i 2024. Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa gatatu na prezida, Nana Akufo-Addo, mw’ijambo yashikirije mu nyubakwa y’inama nshingamateka ku kugene igihugu cifashe.

Yatangaje ko abashingamateka bazorungikirwa vuba integuro y’itegeko ryerekeye gushiraho ikigo c’igihugu kijejwe gukora incanco kugira barishigikire bongere baryemeze. Prezida Addo yatangaje ko ico kigo kizotuma Ghana itangura gukora incanco z’ukwikingira Covid-19 mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’i 2024. Yamara nta birenga aho yamenyesheje.

Gushika ubu, Ghana imaze gukingira 21.4 kw’ijana vy’abanyagihugu bayo imiliyoni 30. Reta yarakuyeho mu mpera z’indwi iheze nyinshi mu ngingo z’ukwikingira ikiza ca Covid-19 zari zashizweho, mu kuvuga ko ibitigiri vy’abandura vyagabanutse cane, kandi ko igikorwa c’ugucandaga abanyagihugu cagenze neza. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG