Uko wahagera

Ibihugu Bitari Bike vya Buraya Vyirukanye Abadiplomate b'Uburusiya


Umushikiranganji w'ubutunzi w'Ubuholande Wopke Hoekstra
Umushikiranganji w'ubutunzi w'Ubuholande Wopke Hoekstra

Inyuma yaho Igihugu c’Ubuholande cirukaniye abakozi b’ubuserukizi bw’igihugu c’uburusiya muri ico gihugu kuri uno musi wa kabiri, ibindi bihugu vya bulaya vyakurikiye bifata ingingo zisa n’iyo.

Ububirigi buvuga ko bugiye kwirukana abakozi b’ubuserikizi bw’igihugu c’Uburusiya 21. Republika ya Cekoslovakiya yirukanye umukozi umwe, Irelande nayo itangaza ko igiye kwirukana abategetsi bane.

Umushikirangaji wa Cekoslovakiya ajejwe imigenderanire n’amakungu yavuze ati “Kumwe n’ibihugu ducuditse, turiko turagabanya igitigiri c’abantu bajejwe iperereza ry’ igihugu c’Uburusiya mu muryango w’ubumwe bwa bulaya.”

Mu ndwi iheze igihugu ca Polonye carirukanye abategetsi baserukira Uburusiya 45.

Umushikiranganji w’Ubuholande ajejwe imigenderanire n’amakungu, Wopke Hoekstra, yavuze ko impamvu bafashe ingingo yo kwirukana abo bakozi, kwari ukubera bari bafise amakuru yerekana ko 17 muri bo bari abakozi b’iperereza ryihishije.

Ubwo bushikiranganji bwongeyeko buvuga ko ikibazo c’iperereza muri ico gihugu kibandanya kwibonekeza cane. Bati “Inyifato y’igihugu c’Uburusiya muri rusangi ituma tudashima kuba dufise abo bakozi b’iperereza ryabo mu gihugu cacu. Bavuga kandi ko bafashe iyo ngingo babanje kubiganira n’ibindi bihugu bitandukanye.

Umushikiranganji Wopke Hoekstra yavuze ko igihugu ciwe citeguye mu gihe igihugu c’Uburusiya cofata ingingo zo kwihora.

Ingingo nk’izo zo kwirukana abakozi b’ubuserukizi, ziheruka gufatwa kandi n’ibindi bihugu nka reta zunze ubumwe za Amerika, Polonye, Bulgariya, Slovakiya, Estoniya, Lativya, Lituwaniye na Montenegro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG