Uko wahagera

Abatuye Isi Bahagurukiye Gufasha Abahunga Intambara Muri Ukraine


Polanye ikomeje kwakira abahunga intambara muri Ukraine
Polanye ikomeje kwakira abahunga intambara muri Ukraine

Impunzi z’abanye-Ukraine zirabandanya guhunga zinyuze ku mupaka w’ igihugu ca Polonye aho abagiraneza bariko barazakira bazifashisha ibintu bimwe bimwe vya nkenerwa.

Mu bagiraneza bariko bagarukira kuri izo mpunzi baziha impfungugwa n’amazi yo kunywa, harimwo Abanyapolonye n’abandi baza gufasha bavuye mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi.

Sasha, umwe mu bagiraneza baje bava mu gihugu c’Ubudagi avuga ko yaje gufasha inyuma y’aho yari asanzwe afasha mu gihugu ciwe. Ati “Narateguye ukuntu twofasha tubicishije kuri Facebook mu gisagara mbamwo.

Hari abagiraneza benshi nka Sasha bari mu nyubakwa za gari ya moshi barindiriye impunzi zishika kugira bazifashe, cane cane abagore n’abana bahashikira mu kurindira ko bimuriwa mu bindi bice vy’igihugu.

Uwundi mugiraneza nawe nyene yitwa Sasha we n’umuryango wiwe baje bava mu gisagara ca Austin muri reta ya Texas muri Amerika. Avuga ati “umuryango wanje usanzwe uvuga ikirusiya. Rero twiyumviriye ko kubera dufise ubwo buryo twokoresha mu gufasha gusobanururira impunzi zivuga urwo rurimi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG