Uko wahagera

Uburusiya Buvuga ko Atakirashikwako mu Biganiro Bugirana na Ukraine.


Abategetsi b'Uburusiya batangaje uno musi ku wa mbere ko ata ntambwe ziboneka zirashikwako gushika ubu mu biganiro hagati y'igihugu cabo na Ukraine.

Umuvugizi w’ibiro vya Prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru ko naho badashobora kuvuga ko hari intambwe zigaragara irashikwako, kubandanya ibiganiro amaso mu yandi ari ikintu gikomeye.

Prezida w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yemeye kwakira ibiganiro bishasha hagati y’Uburusiya na Ukraine mu gisagara ca Istambul. Hari mu kiganiro yagiranye na Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, kw’itelefone.

Nta ntambwe zigaragara Uburusiya na Ukraine vyashitseko mu biganiro vya mbere vyabaye kw’italiki 10 y’ukwezi kwa gatatu mu gisagara ca Antalya, muri Turukiya, kuva Uburusiya burungitse inteko zabwo muri Ukraine mu mpera z’ukwezi kwa kabiri.

Izo mpande zompi zaragiranye ibindi biganiro ku buhinga bwa videwo. Yamara zatangaje ko ivyo biganiro bitari vyoroshe na gato. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG