Uko wahagera

Etiyopiya Yahagaritse Intambara Kugira Imfashanyo Zishike ku Banyagihugu


Imfashanyo za PAM zigenewe intara ya Tigre na Afar i Semera, ku murwa mukuru w'intara ya Afar muri Etiyopiya, kw'itariki ya 21/02/2022
Imfashanyo za PAM zigenewe intara ya Tigre na Afar i Semera, ku murwa mukuru w'intara ya Afar muri Etiyopiya, kw'itariki ya 21/02/2022

Reta ya Etiyopiya kuri uyu wa kane yatangaje ko yemeye guhagarika intambara kandi bigaca vyubahirizwa ubu nyene, mu ntumbero yo gufasha kugira imfashanyo zihuta zibashe gushika mu ntara ya Tigre, ahari ibihumbi amajana vy’abanyagihugu bahanzwe n’inzara.

Kuva intambara yaduka mu buraruko bwa Etiyopiya mu kwezi kwa cumi na kumwe 2020, abantu ibihumbi barapfuye, abandi barahunga ingo zabo igihe intambara zatandukira mu ntara za Amhara na Afar.

Itangazo rya reta ya Etiyopiya rivuga ko reta yizigiye ko uku guhagarika imirwano kuzotuma abarwanyi bo mu ntara ya Tigre bahagarika gusotorana kandi bakava mu turere bigaruriye mu zindi ntara bihereranye. Reta yizeye kandi ko ari akaryo ko guca inzira yo guhagarika intambara yo mu buraruko bw’igihugu ata yandi maraso asesetse.

Reta zunze ubumwe za Amerika ikunze kwagiriza reta y’umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed kubuza imfashanyo gushikira abazikeneye. Ariko abategetsi bo bagiriza abarobeli kuba ari bo bazizibira.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze mu kwezi kwa mbere ko hafi ibice 40 kw’ijana vy’abantu baba mu ntara ya Tigre bakenye ibifungurwa. Ikena ry’ibitoro ryatumye abatanga imfashanyo bakoresha amaguru mu gushikana imiti n’ibindi bikoresho vya nkenerwa ku babikeneye.

Umuhari TPLF urwanya reta ntaco uravuga ku vyashikirijwe na reta ya Etiyopiya kuri uyu wa kane.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG