Uko wahagera

Zemmour Atsinze Amatora y'Ubufaransa Azofata Amazu y'Abategetsi ba Afurika


 Eric Zemmour ashaka kwitoreza kuba Prezida w'Ubufaransa
Eric Zemmour ashaka kwitoreza kuba Prezida w'Ubufaransa

Eric Zemmour, umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa yatangaje ko hamwe yotsinda yofata amazu abetegetsi b'ibihugu vyo muri Afrika bafise ku butaka bw'Ubufransa hamwe batokwakira mu bihugu vyabo abimukira b'abanyafrika bari muri ico gihugu.

Zemmour, umunyapolitike afise ivyiyumviro vy’i buryo birimwo kuterekwa abimukira, yabitangaje uno musi ku wa gatatu. Amenyesha kandi ko yozibira amafranga barungika mu bihugu baje baturukamwo.

Ni mu gihe ariko agerageza gusubira guha inguvu igikorwa ciwe c’ukwiyamamariza amatora azoba mu kwezi kuza kitariko kigenda neza muri iki gihe.

Zemmour, afise imyaka 63 muri iki gihe, yagize ivyerekeye abimukira n’umutekano ibibazo nyamukuru mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza. Yatangaje muri iyi ndwi ko azoshiraho ubushikiranganji bujejwe kwirukana ku butaka bw’Ubufransa abimukira ibihumbi amajana n’amajana mu kiringo ciwe c’imyaka 5 hamwe yotsinda amatora.

Ivyatangajwe na Zemmour vyiyamirijwe n’umugambwe, Rassamblement National, wa Marine Le Pen, nawe nyene afise ivyiyumviro vya politike vy’i buryo birimwo kuzira abimukira. Yatangaje ku musi wa kabiri ko ivyatangajwe na Zemmour ku musi wa kabiri biciye kubiri n’ivyo igihugu kigenderako. Ivyo n’aho atavuze ko vyerekana urwanko rufatiye kw’ibara ry’urukoba.

Zemmour abonwa ko ahiganwa bikomeye na Marine Le Pen. Yamara ivyatohojwe vyerekana ko ariko aja inyuma y’abo bahiganwa. Bikaba bidasa n’uko azoshika mu ncuro ya kabiri y’amatora azoba mu kwezi kuza mu Bufaransa. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG