Uko wahagera

Abagwizatunga ba Uganda Basaba Uburundi Kugurura Umupaka n'u Rwanda


Bamwe mu baje mu nama y'abagwizatunga b'Uburundi n'u Rwanda
Bamwe mu baje mu nama y'abagwizatunga b'Uburundi n'u Rwanda

I Bujumbura mu Burundi harakoraniye inama ihuza abarwizatunga b’Abarundi n’abaturuka mu gihugu c’Ubuganda. Intumbero ni ukwagura isoko ry’ibidandazwa muri ivyo bihugu bibiri bisangiye akarere ka Afrika y’Ubuseruko, EAC. Impande zose ziyemeje gukorera hamwe.

Urunani ruhuza abarwizatunga bo mu Burundi rwizeye ko inama yabahuje na bagenzi babo baturutse mu gihugu c’Ubuganda ari ngirakamaro ku butunzi n’iterambere ry’igihugu.

Muri iyo nama y’iminsi itatu, iriko irabera i Bujumbura ku murwa mukuru w’Ubutunzi, uwutwara urunani rw’abarwizatunga CFCIB yatangaje ko hari ibisata vyinshi bigikeneye gushirwamwo imitahe n’amahinguriro.

Abarwizatunga bavuye mu gihugu c’Ubuganda na bo bizeye kungukira vyinshi muri iyo nama. Umushikiranganji w’ubutaka, inyubako n’iterambere mu bisagara, Judith Nabakooba, yagiye arongoye izo ntumwa, yemeje ko ata nkeka ko abo barwizatunga barenga 200 baserukiye abandi bazoshinga imitahe n’amahinguriro mu Burundi.

Reta y’Uburundi na yo yiyemeje kworohereza abo barwizatunga mu bizokenerwa vyose kugira bazane imitahe yabo. Umushikiranganji w’Ubudandaji n’amahinguriro, Chantal Nijimbere, yavuze ko bisanzwe biri mu murongo igihugu cihaye wo kurwiza ubutunzi. Yibukije ko ivyo bihugu bibiri vyamye bihanahana ibidandazwa kuva kera.

Aha, Ubuganda bwavuze ko vyose bizoshoboka mu gihe akarere ka Afrika y’Ubuseruko karimwo amahoro ndetse kakorohereza uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu. Abarwizatunga bavuye mu Buganda, basavye Uburundi kwugurura umupaka ico gihugu gihana n’ic’u Rwanda kugira urwo rudandazwa rugende neza. Bibukije ko ubu kugira bakure ibidandazwa iwabo babitwaye mu Burundi barinda kuzunguruka bagaca mu gihugu ca Tanzaniya kubera imipaka y’u Rwanda n’Uburundi yugaye.

Aha, inyishu yatanzwe ni uko ari ikibazo ca politike kandi kizokemurwa n’ibiganiro vya politike nyene. Yamara, umushikiranganji w’Ubudandaji mu Burundi yabaremesheje ko intambwe igeze kure kugira ico kibazo kive mu nzira. Uwuserukira umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, EAC, na we yashimangiye ko amasezerano yo guhanahana ibidandazwa mu bihugu bigize uwo muryango abwirizwa kwubahirizwa n’ibihugu vyose, kandi ata makori n’amatagisi y’umurengera arishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG