Uko wahagera

HRW: Abajejwe Umutekano muri Uganda Barahungabanije Agateka ka Muntu


Abakora imyiyerekano muri Uganda
Abakora imyiyerekano muri Uganda

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch rivuga ko ibigo vy’umutekano muri Uganda ari vyo bibazwa iburirwa irengero hamwe n’ihohotera rya bamwe mu basivile muri ico gihugu.

Raporo ya HRW yiswe “I Only Need Justice,” yatohoje ku bantu baburiwe irengero, abahagaritswe ata mitahe, abafunzwe hatubahirije amategeko, ababorejwe igufa hamwe n’ayandi mabi akabije. Ibi bikorwa vyagirizwa igiporisi, igisirikare, iperereza rya gisirikare, urwego rw’igihugu rujejwe iperereza hamwe n’ishirahamwe rijejwe umutekano mu gihugu hagati, ryitwa Internal Security Organization (ISO).

Iyi raporo ivuga ko aya mabi yabereye mu busho butandukanye bw’igihugu, hagati y’imyaka ya 2018 na 2019 no mu kwezi kwa mbere 2021 igihe c’amatora.

Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, Brigadier General Felix Kulaigye, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Human Rights Watch ritabavugishije imbere yo gusohora iyo raporo. Igisirikare ca Uganda kibona ko iyo raporo ishingiye kuri poritike kandi ata vyemeza itanga.

Human Rights Watch risaba abategetsi kudatohoza kuri ayo mabi gusa ariko no kwugara ibigo vyo gufungiramwo abantu bitemewe n’amategeko.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG