Uko wahagera

ONU Ivuga ko Isi Iri mu Kaga k'Ihindagurika ry'Ibihe


Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yatangaje, uno musi ku wa mbere, ko amakungu ariko aja mu kaga gakomeye ku bijanye n'ihindagurika ry'ibihe, muri iki gihe ibihugu bikomakomeye mu vy'ubutunzi kw'isi bibandanya kwongereza imyuka mibi igeramira ibidukikije aho kuyigabanya bikomeye cane.

Yatangaje ko umugambi wo kubuza ubushuhe kw’isi kurenga degre imwe n’igice Celsius, ugeramiwe bikomeye. Ku bw’urwego mpuzamareta rw’ishirahamwe ONU ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe, kugira ubushuhe ntiburenge urwo rugero, bisaba ko amareta kw’isi azoba yagabanije imyuka igeramira ibidukikije ku bice 45 kw’ijana mu mwaka w’i 2030.

Yamara n’aho ibihugu vyo kw’isi vyokwubahiriza ivyo vyemeye mu masezerano yerekeye ihindagurika ry’ibihe y’i Paris mu mwaka w’i 2015, vyitezwe ko imyuka igeramira ibidukikije irungikwa mu kirere izokwiyongera ibice 14 kw’ijana imbere y’uko imyaka cumi iri imbere irangira.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, avuga ko ibintu bitera bimera nabi kurushiriza ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe. Atangaza ko amakungu adahinduye ingendo ibintu bizoyanzara kurushiriza.

Ivyatangajwe na Guterres vyabaye amasaha makeyi imbere y’uko urwego mpuzamareta rwa ONU ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe rutangura inama y’indwi zibiri ijejwe kwemeza raporo ikomeye ku buryo bwo kugabanya imyuka mibi igeramira ibidukikije.

Iyo raporo ivuga ko imyuzure, ubushuhe n’imiriro yo mu mashamba bidasanzwe vyibonekeje mu mwaka uheze mu migabane uko ari ine igize isi bizokwiyongera mu myaka iri imbere, ibintu bigumye uko biri muri iki gihe. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG