Uko wahagera

USA: Uwagenywe Kuyobora EPA Ntiyemera Ihindagurika ry'Ibihe


Perezida watowe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yagenye umuntu wo kuzayobora urwego rujejwe gukingira ibidukijije. Scott Pruitt, ni umuntu yanebaguye bikomeye umugambi wa Perezida Barack Obama, w’ukurwanya ihindagurika ry’ibihe, mu kubanganya imyuka igeramire ibidukikije iva mu bibanza vy’amasoko ntanganguvu mu gihugu.

Muri iki gihe, Scott Pruiit ni umushikirizamanza mukuru muri reta ya Oklahoma. Numwe mu bategetsi bava mu mareta mirongo ibiri n’indwi bashingishije urubanza, mu kwezi kwa mbere, rwarondera kuzibira umugambi wa Perezida Obama ujejwe gukoresha amasoko ntanganguvu atageramira ibidukikije.

Uwo mugambi wasaba amareta gushiraho uburyo bujejwe kugabanya muri rusangi imyuka igeramira ibidukikije ibice 32 kw’ijana mu mwaka w’i 2030, mu bizoba biri musi y’urugero rwo mu mwaka w’i 2005, biciye mu rwego rujejwe gukingira ibidukikije, EPA.

Muri ico gihe, Senateri wo muri reta ya Montana, Steve Daines, yatangaje ko ashima igikorwa ca Pruitt c’ukurwanya umugambi wa Perezida Obama.

Avuga ko arindiye kubona Pruitt, asambura umugambi wa prezida Obama, werekeye amasosko ntanganguvu atageramira ibidukikije, mu mabanga azoba ajejwe y’ukuyobora urwego EPA.

Mu ma reta 27 yashigishije urubanza rw’ukurwanya umugambi wa prezida Obama ku bijanye n’amasoko ntanganguvu atageramira ibidukikije, nka yose yatoye Donald Trump, umuntu akuyemwo amareta ya Colorado na New Jersey.

XS
SM
MD
LG