Uko wahagera

DRC: Abasivile 14 Biciwe mw'Ikambi y'Abateshejwe Izabo


Ishusho ngereranyo y'ikambi y;abateshejwe izabo iri i Bunia muri Kongo
Ishusho ngereranyo y'ikambi y;abateshejwe izabo iri i Bunia muri Kongo

Abasivile 14 bo mw’ikambi ya Drakpa, yegeranirijwemwo abateshejwe izabo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kongo bishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho.

Ishirahamwe ritabara imbabare muri Kongo, Croix Rouge, ryatangaje ano makuru rivuga ko mu bishwe harimwo abana indwi harimwo uwari afise imyaka ibiri. Abakomerekeye muri ubwo bwicanyi ni batanu. Croix Rouge ya Kongo yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko bishwe ku mugoroba w’ejo ku wa gatandatu, bicishijwe imipanga.

Umwe mu bategetsi b’akarere ka Ituri kabereyemwo ubwo bwicanyi avuga ko abarwanyi ba CODECO barwanira inyungu z’ubwoko bw’aba Lendu, batigeze bakoresha inkoho mu ntumbero yo kwica benshi ata rwamo rw’ibisasu, kugira ntibateshwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG