Uko wahagera

Abasivile Bashika 30 Barishwe na ADF mu Buseruko bwa RDC


Imodokari zasambuwe na ADF muri teritware ya irumu, mu ntara ya Ituri, RDC, kw'itariki ya 1/09/2021
Imodokari zasambuwe na ADF muri teritware ya irumu, mu ntara ya Ituri, RDC, kw'itariki ya 1/09/2021

Abantu bashika 30 barishwe mu bitero vyabereye mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Congo, ibitero abategetsi begeka ku muhari w’iterabwoba ADF wamuka muri Uganda.

Kinos Kathuho, umukuru w’ishirahamwe rya sosiyete sivile i Mamove mu ntara ya Beni yavuze ko abarwanyi ba ADF binjiye mu mihana y’i Mambumembume mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu. Yavuze ko hambavu y’abo bishwe, amazu atari make n’amapikipiki vyaraturiwe kandi abantu batari bake ntibaramenyekana irengero.

Kinos Kathuho yavuze kandi ko abanyagihuru bariko barajuragirika bahungira mu bice bitandukanye kandi ko ata kambi ya gisirikare ibarizwa muri ako karere.

Ibi bitero vyabereye mu bice vyo ku rubibe n’intara za Ituri na Kivu y’uburaruko zisanzwe ziri mu butegetsi n’amategeko y’intwaro ya gisirikare kuva mu kwezi kwa gatanu. Ibi vyakozwe kugira hatuzwe imihari yitwaje ibirwanisho igisibije muri izo ntara zibiri. Ariko n’aho biri uko, kandi na Uganda isanzwe iriko irafasha muri urwo rugamba, ibitero vya ADF birabandanya.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG