Uko wahagera

Igisirikare ca RDC Carafashe Umutegetsi wa ADF i Uvira


Abasirikare ba RDC mu gukizura muri Beni. Ifoto yafashwe kw'itariki 18/02/2020
Abasirikare ba RDC mu gukizura muri Beni. Ifoto yafashwe kw'itariki 18/02/2020

Umwe mu bashinze umuhari w’abarobeli bamuka muri Uganda bariko barwanira mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo yarafashwe. Amakuru ava mu bisirikare vy’ivyo bihugu bibiri yavyemeje kuri uyu wa gatatu.

Ihagarikwa ry’uwo mutegetsi wo hejuru w’umuhari ADF ryabereye hanze y’igice ivyo bihugu biriko birwaniramwo n’uwo muhari, nkuko aya makuru abandanya avuga.

Benjamin Kisokeranio, yabaye umukuru w’iperereza rya ADF gushika mu 2019 kandi yari yegereye cane uwahoze arongoye uwo muhari, Jamil Mukulu. Yafashwe ku musi wa kabiri mu karere ka Uvira, mu bumanuko bwa Kivu, nkuko vyavuzwe n’umusirikare wo hejuru mu gisirikare ca RDC, atashimye ko amazina yiwe agaragara.

Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, Ronald Kakurungu, yavuze ko Kisokeranio yafatiwe hafi y’urubibe n’Uburundi kandi ko ubu ari mu minwe y’igisirikare ca Kongo. Kubwa Uganda, Kisokeranio yari ajejwe iperereza, gutororokanya amafaranga n’ibikoresho vya ADF.

Umuhari ADF wegekwako urupfu rw’ibihumbi vy’abanyagihugu mu ntara ya Kivu y’uburaruko hamwe n’ibitero vy’amabombe bihitiye muri Uganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG