Uko wahagera

Inteko za RDC na Uganda Zirigamba Gusambura Amakambi ya ADF


Abasirikare ba FARD mu gukizura mu mihana y'i Manzalaho hafi ya Beni
Abasirikare ba FARD mu gukizura mu mihana y'i Manzalaho hafi ya Beni

Ibisirikare vya Republika ya demokarasi ya Kongo na Uganda vyavuze kuri uyu w’Imana ko vyasambuye ibirindiro vy’abarobeli ba ADF mu buseruko bwa Kongo muri iyi ndwi. Ni mu rugamba batanguye mu kwezi guheze kuri abo baroberi.

Abasirikare b’ivyo bihugu barateye amabombe mu kambi nshasha y’umwansi muri Beni, mu ntara za Kivu y’Uburaruko na Ituri, nkuko vyavuzwe n’igisirikare ca Kongo. Igisirikare cavuze ko cakoze ibitero ku birindiro vya ADF. ADF yagirizwa ubwicanyi mu buseruko bwa RDC hamwe n’amabombe aterwa muri Uganda.

Hambavu y’ivyo bitero, muri Ituri, igisirikare cavuze ko cafashe abarwanyi 35 ba ADF muri komine ya Irumu hagati y’amatariki 13 na 15 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Igisirikare cavuze kandi ko kw’itariki ya 11 y’ukwezi kwa cumi na kabiri cafashe abarobeli 35, basambura amakambi ane bongera babohoza abakongomani 31 bari barafashe.

ADF uzwi ko ari urunani rw’abarobeli b’abayisilamu barwanya ubutegetsi bwa perezida Yoweli Museveni. Ariko inyuma yo gushika mu buseruko bwa Kongo mu 1995 bacitse abicanyi aho gushika ubu bagirizwa kwica ibihumbi vy’abasivile muri iyo ntara. Bagirizwa kandi gutega amabombe muri Uganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG