Uko wahagera

Igihuhusu Gombe Cishe 12 muri Mozambike


Igihuhusi kivanze n’imvura nyinshi ciswe Gombe caciye muri Mozambike muri iyi ndwi irangiye kimaze guhitana abantu 12. Kiriko kigana muri Malawi aho kimaze naho kwica abantu batanu. Igihuhusi Gombe cahungabanije abantu barenga 30.000, gikomeretsa abandi 40, congera gisambura amazu arenga 3.000 kuva ku musi wa gatanu.

Cesar Tembe, wo mu kigo c’igihugu kijejwe gutabara mu biza, yavuze ko igihuhusi Gombe caje kirusha inguvu igihitiye ciswe Idai, ariko nticononye vyinshi mu vyasambuwe. Mu bice bimwe vy’igihugu imvura yamaze imisi ibiri idahagarara.

Ibihuhusi bivanze n’imvura hafi 80 nivyo bica kw’isi buri mwaka. Mu karere ko mu bumanuko bwa Afrika bitangura kuva mu kwezi kwa cumi na kumwe gushika ukwa kane.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG