Uko wahagera

Mozambike Yugarijwe na Cholera Yaturutse ku Gihuhusi Idai


Abasinzikajwe n'imvura n'igihuhusi Idai mu gisagara ca Beira, muri Mozambique, ahatanguye kwibonekeza ikiza ca Cholera, itariki 27/03/2019.

Abategetsi muri Mozambike hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu atanga imfashanyo ntibariko baroroherwa guhangana n’ivyononekaye hamwe n’abantu bakuwe mu vyabo n’igihuhusi kivanze n’imvura nyinshi ciswe Idai, kandi ikiza ca Cholera catanguye kwibonekeza.

Abajejwe amagara y’abantu bashikirije ejo kuwa gatatu ko abantu batanu bamaze kugaragaza ko banduye Cholera mu gisagara ca Beira, casinzikaye cane kurusha ibindi muri Mozambike, Malawi na Zimbabwe mu ndwi iheze. Iyo mvura yarasambuye inyubakwa z’ico gisagara, harimwo n’ivyuma bitanga amazi.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu cita ku magara y’abantu OMS kivuga ko incanco za Cholera 900.000 zitezwe gushika mur’ako karere muri iyi ndwi.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, António Guterres yashikirije ku musi wa kabiri ko amakungu akwiye kunyarutsa kurondera uburyo bw’amafaranga yo gufasha ibihugu bitatu vyo mu karere ka Afrika yo mu bumanuko vyasinzikajwe n’iyo mvura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG