Uko wahagera

ONU: Kurwanira Imyanya y'Ubutegetsi muri Libiya Bishobora Guteza Intambara


Stephanie Williams
Stephanie Williams

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu wa kane ryagabishije ku co ryise agasomborotso muri Libiya gashobora kuvyara ugutana mu mitwe hagati y’imihari yitwaje ibirwanisho. ONU yavuze ko hari amakuru avuga ko abarwanyi b’iyo mihari bariko barisuganya mu bice vy’inyuma y’umurwa mukuru Tripoli, mu gihe amareta adacana uwaka ariko arwanira ubutegetsi.

Iki cuka kibi catanguye kuva igihe inama nshingamateka y’ubutegetsi bwo mu buseruko irahirije umushikiranganji wa mbere mushasha mu ntango z’uku kwezi ngo asubirire Abdulhamid Dbeibah yari muri ico kibanza ivy’imfatakibanza. Dbeibah yaranse guha ubutegetsi Fathi Bashagha, yahoze ari umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati.

Stephanie Williams, umuhanuzi adasanzwe w’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres kuri Libiya, avuga ko ariko aragerageza kumvikanisha izo mpande zibiri. Abasaba kwirinda ibikorwa vyo gusomborotsanya, haba mu majambo canke mu bikorwa, harimwo no guhagarika gutegurira abarwanyi babo mu ntambara.

Kuri uyu wa kane, ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri Libiya, Richard Norland, nawe nyene yashikirije ubwoba ko hashobora kuzoba intureka. Yasavye impande zose kurondera inyishu ya poritike aho kwiyumvira gufata inzira yo kurwana.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG