Uko wahagera

Abantu 10 Barapfuye Bariko Bimba Inzahabu muri Gineya Conakry


Conakry Guinea

Abantu hafi 10 bapfuye baguweko n’ubutaka mu kibanza gicukurirwamwo ubutare bw’inzahabu mu buraruko bushira uburengero bwa Gineya Conackry. Ibi vyavuzwe n’umutegetsi wo muri ako karere, aho yavuze kandi ko ibi bitigiri ari imfatakibanza kuko hakironderwa abandi kandi hari n’abakomeretse.

Umukuru w’intara ya Kounsitel, Mamadou Cherif Diallo, yavuze ko iri sanganya ryabaye ku musi wa kabiri kw’icukuriro ry’inzahabu ryari risanzwe ryarugawe, ariko hari abihisha bakajayo gucukura mu buryo butemewe n’amategeko.

Amasanganya mu bibanza bicukurirwamwo ubutare arakunga kuba muri Gineya Conakry, igihugu kibamwo imiriyoni 13 z’abantu.

Mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze, abantu 15 barapfuye mw’isanganya nk’iryo mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG