Uko wahagera

Uburaya Bugiye Kugara Ikirere ku Ndege z'Abarusiya


Ishirahamwe rya Buraya ryatangaje ibihano bishasha ku Burusiya kubwo gutera Ikerene. Uburayi bwugaye ikirere cabwo ku ndege z’Uburusiya, bwongera buhagarika ibimenyeshamakuru vy’Uburusiya mu bihugu bigize uwo muryango.

Perezida wa Komisiyo y’ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen, ni we yatangaje izo ngingo. Yavuze kandi ko Uburayi bwafashe intambwe zo guha ibirwanisho Ikerene, no guhanisha Biyerorusiya soma mbike n’Uburusiya ibihano kubera yafashije mu korohereza iyo ntambara.

Ibi bihano vyiyongereye ku vyamaze gushirwa mu ngiro, birimwo gukura Uburusiya mu buhinga bwo guhanahana amafaranga hagati y’amabanki kw’isi bwise SWIFT, no guhagarika guhanahana amafaranga n’ibanki nkuru y’Uburusiya.

Ubumwe bwa Buraya bwarahanye kandi perezida w’Uburusiya Vladimir Poutine hamwe n’umushikiranganji wiwe w’imigenderanire n’amakungu, Sergei Lavrov.

Indege zose z’Uburusiya zirimwo n’iz’abatunzi mu bategetsi b’Uburusiya ntizicemerewe kuguruka mu kirere ca Buraya.

Von der Leyen yavuze ko ibihano kuri Biyerorusiya bizokora ku butegetsi bwa Perezida Alexander Lukashenko.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG