Uko wahagera

Turukiya Yemeye Kuzofasha Kugarukana Umutekano muri RDC


Perezida Félix Tshisekedi ariko arahabwa inzimano na mugenzi we wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan i Ankara, muri Turukiya, kw'itariki ya 7/09/2021
Perezida Félix Tshisekedi ariko arahabwa inzimano na mugenzi we wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan i Ankara, muri Turukiya, kw'itariki ya 7/09/2021

Perezida wa Repubulika ya demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi, yavuze kuri uyu w’Imana ko yapfunditse amasezerano muvy’umutekano, ubutunzi na mugenzi we wa Turukiya, Recep Tayyip. Ni mu rugendo rw’imisi ibiri Perezida Erdogan arimwo muri RDC hamwe n’umurwi munini ugizwe n’abo muri reta yiwe hamwe n’abagwizatunga.

Perezida Tshisekedi yavuze kandi ko muri ayo masezerano igisata c’amagara y’abantu hamwe no gutwara abantu n’ibintu bitibagiwe. Yavuze ko yasavye imfashanyo Turukiya yo kurwanya imihari yitwaje ibirwanisho imaze imyaka igisibije mu buseruko bw’igihugu.

Uru rugendo Perezida Erdogan yatanguye muri Afurika kuri uyu w’Imana, azorurangiza ku musi wa gatatu, itariki ya 23 agendeye kandi na Senegal na Gineya Bissau inyuma ya RDC.

Erdogan amaze kugendera Afurika incuro 40 kuva mu 2005, kuva akiri umushikiranganji wa mbere n’aho abereye perezida. Kuva ico gihe, Turukiya imaze kwugurura ambasade 40 ku mugabane wa Afurika.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG