Uko wahagera

RDC: Abakekwa Gushaka Guhungabanya Umutekano Bahagaritswe


Perezida Félix Tshisekedi mu biro vyiwe i Kinshasa, kw'itariki ya 20/07/2021
Perezida Félix Tshisekedi mu biro vyiwe i Kinshasa, kw'itariki ya 20/07/2021

Muri Repubuliya ya Demokarasi ya Kongo amatohoza ariko arakorwa yerekanye ko hari ibimenyetso vy’abafise intumbero yo guhungabanya umutekano w’igihugu. Reta ya Kongo yabivuze kuri uyu wa kabiri, inyuma y’ifatwa ku musi wa gatandatu ry’umuhanuzi adasanzwe wa perezida muvy’umutekano.

Francoise Beya, yari azwi ko afise uruhara runini mu bijanye n’umutekano w’ico gihugu, yahagaritswe ku musi wa gatandatu, igihe Perezida Tshisekedi yari mu nama y’ubumwe bwa Afrika i Addis Abeba muri Etiyopiya.

Umuvugizi wa Perezida Felix Tshisekedi, Tharcisse Kasongo Mwema, yavugiye kuri tereviziyo ya reta ko amatohoza akibandanya kandi ariko akorwa ku nzego zitandukanye. Yasavye abakongomani kuguma batekanye.

Ihagarikwa ryiwe ryavyuye imyiyerekano mu gihugu hamwe n’ubwoba ko reta ya Kongo ishobora guhungabana.

Mw’ijambo ryo kuri uyu wa kabiri, umuvugizi wa perezida, yavuze ko uwuzogerageza guhungabanya inzego z’igihugu zaciye muri demokarasi atazigera yihanganirwa.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG