Perezida wa Repubulika ya demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi kuri uyu wa kane yavuze ko hari ingeso y’ukutubaha yibonekeza mu nzego zose z’igisirikare kandi asaba intwazangabo za gisirikare kutivanga muri poritike.
Iri gabisha rya Tshisekedi rije inyuma y’ihagarikwa ry’umuhanuzi wiwe muvy’umutekano, Francois Beya mu ntango z’uku kwezi. Iri hagarikwa ryakurikiwe n’urwikeko ko hari ugucanamwo muri reta canke hoba hari kudeta yagira igeragezwe.
Igisirikare ca Repubulika ya demokarasi ya Kongo kiri ku rubuga rw’intambara mu bice bitari bike vyo mu buseruko bw’igihugu, cane cane mu ntara za Ituri na Kivu y’uburaruko.
Perezida yavuze ko hibonekeje uburorero bw’inyifato zitabereye mu nzego z’ubutegetsi bw’igisirikare kandi ko ibi vyatumye haba ukunanirwa kuriko kuraboneka ku rugamba. Yagirije abasirikare bari hejuru y’abandi kuba bakoresha nabi uburyo bw’amafaranga n’ibikoresho bahawe ku rugamba. Yabemereye ko atazovyihanganira kuko ngo gusahura uburyo bw’igisirikare ari uguhemukira igihugu. @AFP
Facebook Forum