Uko wahagera

RDC: Abarwanyi ba CODECO Bishe 18 mu Ntara ya Ituri


Uwahoze ari umurwanyi wa CODECO mu ntara ya Ituri, kw'itariki ya 18/09/2020.
Uwahoze ari umurwanyi wa CODECO mu ntara ya Ituri, kw'itariki ya 18/09/2020.

Abantu 18 bishwe kuri uyu wa kabiri mu gitero cagirizwa umuhari CODECO mu buraruko bushira ubuseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo.

Innocent Matukadala, arongoye akarere k’ubutegetsi i Banyali Kilo mu ntara ya Ituri, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ko abanyagihugu bafashwe n’ishavu rirenze kandi icuka ari kibi cane muri ako karere.

Jean-Robert Basiloko, aserukira amashirahamwe ya sosiyete sivile i Banyali Kilo yavuze ko abo bicanyi bakoresheje imipanga, imiheto hamwe n’inkoho mu kwica abo bantu.

Ayandi makuru avuga ko inteko za ONU zibungabunga amahoro hamwe n’amashirahamwe y’abagiraneza bamaze indwi zitari nke baravuye muri ako gace ko muri Teritware ya Djugu.

Umuhari CODECO, Cooperative pour le Development du Congo ni umuhari wa poritike ushingiye kw’idini, uvuga ko userukira inyungu z’ubwoko bw’aba Lendu.

Amoko y’aba Lendu n’aba Hema yama yatanye mu mitwe, aho ibihumbi vy’abanyagihugu bamaze kwicwa hagati y’imyaka y’1999 na 2003.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG