Uko wahagera

Igitero ca Codeco Cahitanye Abasivile 22 mu Buseruko bwa RDC


Abarwanyi ba Codeco mu mihana y'i Wadda mu ntara ya ya Ituri. Isanamu Yafashwe kw'italiki ya 19/09/2020
Abarwanyi ba Codeco mu mihana y'i Wadda mu ntara ya ya Ituri. Isanamu Yafashwe kw'italiki ya 19/09/2020

Igitero gishasha kw’ikambi y’abateshejewe ingo zabo y’ahitwa Ivo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika ya demokarasi ya Congo kuri uyu w’Imana cahitanye ubuzima bw’abasivile 22. Umukozi wo mw’ishirahamwe ry’abagiraneza ni we yabivuze.

Iyo kambi nyene yaheruka guterwa mu misi itari bwashike indwi, aho abantu 29 bishwe.

Umutunganyabikorwa mw’ishirahamwe ritabara imbabare, Croix Rouge, Mambo Bapu Mance, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko abantu 20 baciye bapfubwa ubwo nyene mu binogo bibiri rusangi, abandi babiri bahitanwa n’ibikomere baciye bapfubwa inyuma y’abo.

Yagiriza umuhari witwaje ibirwanisho, Cooperative pour le Developement du Congo (CODECO) kuba ari wo wakoze ico gitero.

Umuvugizi w’igisirikare muri ako karere, Lieutenant Jules Ngongo, yavuze ko abo barobeli bo muri CODECO baciye baraswa basubizwa inyuma ariko ntiyatomoye nimba hari abishwe. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG