Uko wahagera

RDC: Abashinwa 3 Banyurujwe n'Abakekwa kuba CODECO


Umurwanyi wa CODECO mu ntara ya Ituri
Umurwanyi wa CODECO mu ntara ya Ituri

Abashinwa batatu ntibaratorwa gushika ubu, inyuma y’ aho bazimanganiye mu karere gacukurirwamwo ubutare bw’inzahabu mu ntara ya Ituri, mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo. Amakuru ava mu gisirikare ca Kongo avuga ko banyurujwe.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo, Liyetena Gilles Ngongo, yavuze ko abasirikare ba Kongo bariko barabarondera muri ako karere.

Abo bagabo batatu bazimanganiye mu karere bakoreramwo mu butare bw’inzahabu aho Ubushinwa bwashize imitahe myinshi. Amakuru atangazwa avuga ko boba banyurujwe n’umuhari w’abitwaje ibirwanisho wa CODECO, nk’uko Ngongo yavuze.

CODECO, Cooperative pour le Development du Congo, ni umuhari wa poritike witwaje ibirwanisho wiyemeje kurwanira ubwoko bw’aba Lendu. Ni umwe mu mihari irenga 120 yitwaje ibirwanisho ihungabanya umutekano mu buseruko bwa RDC. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG