Uko wahagera

Burundi: Abigisha na Leta Bumvikanye ku Kibazo co Gusuzuma Ubumenyi


Umwigisha mw'ishule shingiro ecole primaire Ave Marie i Bujumbura mu Burundi 24/4/2015
Umwigisha mw'ishule shingiro ecole primaire Ave Marie i Bujumbura mu Burundi 24/4/2015

Mu Burundi inyuma y’amezi arenga abiri hari ukunyinyurana hagati ya reta n’amasendika y’abarimu ku kibazo (Test) co gusuzuma ubumenyi bw’abigisha, izo mpande zibiri zatevye zirumvikana ingene ico kibazo kizokoreshwa.

Ico kibazo kizohabwa abigisha bo mu mashure nshingiro, mu ntumbero yo gusuzuma igituma abanyeshure bataronka ubumenyi bukwiye. Kugira iyo ntambwe ishikweko, vyabaye ngombwa ko izo mpande zibiri zirondera umuhuza kuko abarimu bari bagabishije ko bazohagarika akazi. Impande zose zirashima ivyavuye mu biganiro.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru niwe adushikiriza ino nkuru

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:39 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG