Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Yagiriza Abigisha Gushigikira Iterabwoba n'Ubwicanyi


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Mu Burundi, Perezida Evariste Ndayishimiye yagiriza abakuru b'amasendika y'abarimu guterera ibikorwa vy'ubwicanyi n'iterabwoba mu mafaranga batoza buri kwezi akatwa ku mishahara y'abigisha.

Prezida Ndayishimiye avuga ko agiye gushiraho umurwi uzotohoza amafaranga yose batoje mu myaka cumi iheze bibaye ngombwa Reta iyafate iyakoreshe ibikorwa vy'iterambere. Perezida Ndayishimiye anagabisha abarimu baherutse kuvuga ko bashobora kugira yegereyegere ko azoca abakura mu kazi agahe abashomeri benshi b'urwaruka bagakeneye. Amenyesha ko ata rubanza bazotsinda kuko ari Reta izoba ari umuburanyi ikongera ikaba umucamanza.

Mu nyigisho zo gukundisha igihugu zo mu mpera z’indwi ku musi wa gatandatu ku muhingamo ni ho perezida Evariste Ndayishimiye yashikiririza ivyo vyagiriji. Yariko abonana n’urwaruka rwikorera utwarwo muri zone Kamenge mu buraruko bwa Bujumbura.

Yegereyegere Perezida Ndayishimiye avuga, amasendika y’abarimu yari yagabishije kuyikora kw’itariki ya 15 uku kwezi kwa mbere. Inyuma y’imisi ine, yahavuye agera ku mwumvikano n’ubushikiranganji bujejwe indero bumvikanishijwe na komite y’igihugu ijejwe ibiganiro irongowe n’uwahoze atwara Uburundi Sylvestre Ntibantunganya.

Abarimu biyamiriza ukubatoranyamwo ababwirizwa gukarihirizwa ubwenge babanje guhabwa ikibazo co gusuzuma ko ubumenyi bwabo bukwiye. Jean Manuma, umukuru w’urunani rw’abigisha Fenaseb, aganira n’Ijwi ry’Amerika yibutsa ko ukugira yegereyegere abakozi bavyemererwa n’amategeko mu gihe hari ico batahurijeko n’umukoresha.

Ku bigisha barenga ibihumbi 82 Uburundi bufise bakorera mu mashure ya Reta, abagera kuri 30.000 ni bo berekewe n’amahugurwa umukoresha wabo yifuza kubaha nk’uko ubushikiranganji bw’indero bubimenyesha. Umukuru w’igihugu akemeza ko hejuru y’ugushiraho umurwi uzocukumbura ukaraba ico amafaranga y’intererano z’abarimu zikoreshwa neza kandi n’aba bigisha berekewe n’aya mahugurwa vyanka vyakunda bategerezwa kuyajamwo akavuga ko kuva na kera hamyeho ukuraba urugezo rw’abakozi uko rungana mu bisata bitandukanye.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya

Prezida Ndaysihimiye mu Mpari n'Abarimu
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:54 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG