Uko wahagera

Ubusumbasumbane bw’imishahara Buzokosorwa mu Burundi.


Abana bitabiriye kwiga gusoma no kwandika mu biruhuko
Abana bitabiriye kwiga gusoma no kwandika mu biruhuko

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umukuru w’ihuriro ry’amasendika y’abarimu mu Burundi Cossessona yavuze ko iki kiganiro catunganijwe mu ntumbero yo kwerekana agahaze inama nshikirangaji yigiye ivyerekeye itegeko rigenga ugukosora ubusumbasumbane bw’imishahara mu bakozi ba reta.

Iyo nteguro nk’uko bisigurwa na Victor Ndabaniwe, umukuru w’iryo huriro, yizwe haraciye imyaka itari mike kandi yigwa n’abahinga mvamakungu hamwe n’Abarundi. Muri bo harimwo abaserukira reta n’amasendika bashizweho kugira bikunde batorere umuti ikibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara mu Burundi. Ibi vyatanguye muri 2007, nyuma reta n’abigisha bakomeza kuganira kugeza mu ntango z’ukwa kane 2015 babona gusinya amasezerano.

Ayo masezerano avuga ko ikosorwa ryari gukorwa mu biringo bibiri: ubwa mbere mu myaka ine yakurikira habwirizwa gutangwa uturusho ku bakozi bafise imishahara iri hasi cane no kuduhagarika ku bafise imishahara yitwa ko iri hejuru rwose.

Ikiringo ca kabiri cari ico gushira mu ngiro umugambi wo kunganisha imishahara y’abakozi ba reta. Iki kiringo cabwirizwa kugerwako habanje guhera ivyigwa bishira ubuzi mu migwi n’ukubuha amanota.

Abarimu basanga amafaranga bagenewe yo kubakuriraho ubusumbasumbane bw’imishahara adahagije bagasaba Reta ibiganiro bishasha kandi birungikwamwo abashobora gufata ingingo mu kibanza cayo. Kugeza ubu, amasendika y’abigisha amaze guharura imiriyaridi hafi 135 zoyashoboza kurenganurwa. Naho ari menshi, Ndabaniwe atwara Cossessona asanga atacananiye ibiganiro n’umwumvikano.

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi Domine Banyankimbona yatubwiye kuri terefone ko ubushikiranganji arongoye hari abantu basanzwe bavugana kuri bino bibazo kandi ko bugiye kuzokorana na bo buheze bubishure.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza yateguye inkuru irambuye kuri ici kibazo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:40 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG