Uko wahagera

Amerika Yahaye Uburundi Imfashanyo ya Miliyoni $400


Perezida Evariste Ndayishimiye yakira umuserukizi w'Amerika mu Burundi Melanie Harris Higgins
Perezida Evariste Ndayishimiye yakira umuserukizi w'Amerika mu Burundi Melanie Harris Higgins

Igihugu ca Reta zunze Ubumwe z'Amerika cahaye Uburundi imfashanyo y’uburyo bungana n’imiliyoni 400 y’amadolari ya Amerika, ni ayarenga imiliyaridi 1200 mu mafaranga y’amarundi.

Iyo mfashanyo izokoreshwa mu kiringo c’imyaka 5 mu bisata vy’indero, amagara y’abantu n’ibindi. Uburundi burashima ako kigoro ka Reta zunze Ubumwe za Amerika inyuma y’amezi atatu ico gihugu ca Rutura gikuye ibihano ku Burundi. Imigenderanire nk’iyo yaheruka mu mwaka w’2014.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru ari i Kigali mu Rwanda ni we adushikiriza ino nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:04 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG