Uko wahagera

Amerika n'Uburundi Vyiyemeje Imigenderanire Myiza


Perezida Ndayishimiye yakira umuserukizi mushasha w'Amerika mu Burundi Melanie Harris Higgins
Perezida Ndayishimiye yakira umuserukizi mushasha w'Amerika mu Burundi Melanie Harris Higgins

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yemereye uwuserukira Amerika muri ico gihugu ko Reta yiwe izokora ibishoboka vyose kugira imigenderanire y'Uburundi na Amerika ikomeze kuba myiza. Kuri uyu wa kabiri, Perezida Ndayishimiye yakiriye mu biro vyiwe i Bujumbura umupfasoni Melanie H. Higgins aherutse kugenwa mu mabanga yo guserukira Amerika mu Burundi.

Ahejeje kwakirwa na perezida Evariste Ndayishimiye, Ambasaderi Melanie Harris Higgins yabwiye abanyamakuru bari ku kirimba ca perezida mu buraruko bw’umurwa mukuru Bujumbura ko yarazanye ikete rimugena mu mabanga mashasha yo guserukira Amerika mu Burundi hamwe n’ubutumwa bwa Perezida Biden bwo kwifuriza umwaka musha mugenzi we w’Uburundi.

Yibukije ko mu myaka 50 ishize imigenderanire y’Uburundi na Amerika yakomeje kurangwa n’ubucuti n’ugufashanya.

Nawe yijeje gukomereza kuri uwo murindi no kuzogira ingendo nyinshi kugira yirabire ko imfashanyo Amerika itanga ikora ico yagenewe.

Niko kugaruka ku bisata vy’ingenzi igihugu ciwe kizoshigikira kurusha muri iyi myaka iri mbere hatibagiwe imigambi yashizwe imbere na perezida Ndayishimiye birimwo ugukomeza intwaro ibereye, igisata c’uburimyi n’ubworozi, ukugwanya ubushomeri mu rwaruka, ukuziganiriza akazoza abakukuruke hamwe n’ibikorwa binywanisha Abarundi. Umupfasoni Higgins yinginze abategetsi b’Uburundi kwiyunga n’amakungu.

Ambasaderi musha wa Amerika mu Burundi yavuze ko igihugu c'iwe kibona intambwe Uburundi buriko buratera ku rubuga mpuzamakungu kandi ko ateye intege utwigoro twabwo mu kwiyunga n’abaterankunga n’amashirahamwe mpuzamakungu harimwo ikigega c’isi kijejwe ubutunzi hamwe n’ubumwe bwa Bulaya. Yavuze ko ukwemera gukorera hamwe n’abandi mu mwumvikano n’amakungu hamwe n’ukwiyemeza kwubahiriza amahame Amerika isangiye n'Uburundi ari intambwe ikomeye mu bijanye n’ukunagura ugufashanya

Yanagarutse ku kintu igihugu ciwe cishimira cane i ruhande y’ibindi bikorwa bifatwa mu mugongo na Reta ya Amerika ibicishije mu gisata cayo kijejwe iterambere kw’isi USAID: ugutoza igisirikare c’Uburundi.

Yagize ati: "Ntitwokwibagira kuvuga utwigoro rusangi tw’igisirikare ca Amerika hamwe na FDNB, igisoda c’Uburundi mu ntumbero yo gushiraho igisirikare cubahiriza umwuga kandi ciyubashe gisanzwe gikingiye umutekano n’ukubaho neza kw’abanyagihugu. Tuzokomeza gushira inguvu mu runganwe rushasha, n’indongozi zo muri kazoza zizorongora imigenderanire yamaho kandi ihambaye y’ibihugu vyacu”,

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yemereye uwamutumweko ko nawe ataco atazokora kugira imigenderanire y’Uburundi na Amerika irusheho kuba myiza nkuko Evelyne Butoyi, umuvugizi mushasha wa perezida w’Uburundi yabisiguriye abanayamakuru inyuma y’umubonano.

Buri mwaka, Reta ya Amerika iha igisirikare c’Uburundi miriyoni 80 y’amadolari y’Abanyamerika ikongera igashigikira iyindi migambi itandukanye mu bisata vyo gutabarana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG