Uko wahagera

Ibanki y'Isi Yagabiye Uburundi Imiriyoni Zirenga 150 z'Amadorali


Véronique Kabongo, aserukira Ibanki y’isi yose mu Burundi kumwe n'umushikiranganji w’ikigega ca reta Domitien Ndihokubwayo.
Véronique Kabongo, aserukira Ibanki y’isi yose mu Burundi kumwe n'umushikiranganji w’ikigega ca reta Domitien Ndihokubwayo.

Ibanki y’isi yose yahaye Uburundi ingabire y’uburyo burenga imiliyoni 150 y’amadolari ya Amerika, ni ayarenga imiliyaridi 500 y'amarundi. Amasezerano y’ingabire ibanki y’isi yose yahaye Uburundi yateweko umukono hagati y’uwuserukira iyo Banki n’umushikiranganji w’ikigega ca reta. Ni ingabire igenewe ba ntahonikora bo mu ntara zose z'Uburundi, na cane cane abahunze bariko barahunguka bagashikira mu ntara zitandukanye z’igihugu.

Ibanki y’isi yose ivuga ko abahungutse badafashijwe bashobora kuba intandaro y’umutekano muke. Bitegekanijwe ko ingabire y’imiliyoni 150 z’amadolari ya Amerika izofasha mu gukora imigambi izotanga ubuzi kuri abo ba ntahonikora barenga imiryango imibumbi 145 mu gihugu cose, nk’uko vyashikirijwe na Véronique Kabongo, aserukira Ibanki y’isi yose mu Burundi.

Iyo Banki yerekana ko ari imfashanyo yemejwe mu mpera z’umwaka uheze. Isaba ko hatojamwo ka mwana wa mama canke nkunzi mu gutanga ubuzi canke mu guhitamwo ba ntahonikora. Umushikiranganji w’ikigega ca reta Domitien Ndihokubwayo, arashima iyo Ingabire, akizeza ko izokoreshwa neza kandi ko abanyagihugu ba ntahonikora cane cane Abarundi bariko barahunguka bazohatorera akoyokwe mu ntara zose z’igihugu.

Naho biri uko, abenshi mu Barundi bahunguka bifuza ko bosanurirwa amazu basanga yarabomaguritse kubera bari bamaze imyaka irenga itanu batayabamwo.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.

Ibanki y'Isi Isaba Uburundi Kwirinda ka Mwana wa Mama ku Mfashanyo Yayo
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:33 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG