Uko wahagera

Burundi: Ibanki y'Isi Yatanze Ingabire yo Gufasha Gukingira Ibidukikije


Burundi - Heavy Rain in Cibitoke Province
Burundi - Heavy Rain in Cibitoke Province

Ibanki y'isi yose kuri uyu wa mbere yaronkeje Uburundi ingabire y'imiriyoni 6 z'amadorari agenewe gufasha mu mugambi wo gutera ibiti ku misozi y'amakomine yegereye ikibira n'ukuyirinda inkukura.

Intara za Bujumbura na Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko na Bujumbura mu burengero ni zo ziriko zirangurirwamwo uwo mugambi hakaba hagiye kwiyongerako na Kayanza mu buraruko.

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien Ndihokubwayo yakiriye iyi ngabire yemeza ko turetse gusubiza itoto isi ndimwa, n’amashamba harimwo ishamba cimeza rya Kibira bizokingirwa.

Inkuru yose irambuye, mwumvirize umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, akorera i Nairobi, Eloge Willy Kaneza. Fyonda aha munsi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:22 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG