Uko wahagera

CPI Yimye Charles Ble Goude Indishi y'Akababaro


Charles Ble Goude yahoze ari umushikiranganji w'urwaruka ari muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, mu Buholande, kw'itariki 27/03/2014.
Charles Ble Goude yahoze ari umushikiranganji w'urwaruka ari muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, mu Buholande, kw'itariki 27/03/2014.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, kuri uyu wa kane yahakanye guha umunyeporitike yamuka muri Cote d’Ivuware, Charles Ble Goude, indishi y’akababaro ku myaka yapfunzwe n’iyo sentare ata kimwagira. Ble Goude yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka muri reta ya Laurent Gbagbo. CPI yanse kwemera ko yamukurikiranye bitari bikwiye.

Abacamanza b’iyo sentare ifise icicaro i La Haye mu Buholande barambitse izera Laurent Gbagbo na Ble Goude mu mwaka uheze, ku vyaha ku kiremwa muntu mu migumuko yabaye inyuma y’amatora muri Cote d’Ivuware mu 2011.

Abashingwamanza ba Ble Goude bavuze ko uwo baserukira yabeshewe n’ubutungane, biba ngombwa ko basaba indishi y’akababaro ingana amadolari 935.000. Ariko abacamanza b’iyo sentare baravyanse.

Cote d’Ivuware yinjiye mu bwicanyi inyuma y’aho Gbagbo ahakaniye kwemera ko yatsinzwe amatora y’umukuru w’igihugu mu 2010. Ubwo bwicanyi bwahitanye abarenga 3.000 hamwe n’abarenga 200.000 bahunze igihugu.

Gbagbo aza yarasubiye mu gihugu avuye ku mugabane wa Buraya kandi yarahuye n’umukeba wiwe muri poritike, Perezida Alassane Ouattara. Ariko Ble Goude we gushika ubu nta pasiporo afise kugira abashe gutahuka.

Abacamanza ba CPI bavuga ko bariko barakora uko bashoboye kwose kugira abashe gusubira mu gihugu ciwe c’amavukiro, Cote d'Ivuware.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG