Uko wahagera

CPI Yarekuye Laurent Gbagbo Yahoze Ayobora Cote d'Ivoire


Laurent Gbagbo ari imbere y'abacamanza ba COI tariki 15/01/2019
Laurent Gbagbo ari imbere y'abacamanza ba COI tariki 15/01/2019

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, uyu musi ku wa gatanu, yahevye irarekura Laurent Gabgbo yahoze ari prezida wa Cote d’Ivoire, inyuma y’aho yambikiwe izera mu kwezi guheze ku vyaha vy’ubwicanyi yagirizwa.

Abacamanza bemeye kurekura uyo mugabo afise imyaka 75 hamwe na Charles Ble Goude, yahoze ari umushikiranganji ajejwe urwaruka. Abo bacamanza baciye bategeka ko azoba arabaye mu gihugu kitatangajwe mu kurindira ko yitaba urubanza ruzokwunguruzwa n’abashikirizamanza.

Laurent Gbagbo abaye umutegetsi wa mbere yahoze ari umukuru w’igihugu, arengutse imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha I La Haie.

Gbagbo yambitswe izera kw’igenekerezo rya 15 ry’ukwezi kwa mbere muri uyu mwaka, ku vyaha vyose yagirizwa, inyuma y’amatora yo muri Cote D’Ivoire atarumvikanweho neza yabaye mu mwaka w’2010.

Abantu barenga ibihumbi bitatu ku mpande zose barishwe inyuma y’aho Gbagbo yankiye kwemera ko yatsinzwe amatora na Alassane Ouattara, atwara ico gihugu muri iki gihe. Ouattara ni we yari ashigikiwe n’amakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG