Uko wahagera

Uganda Ishobora Kuzofatira Ibihano Abanka Gucandagwa


Mary Nyoka, w'imyaka 65, ariko arahabwa urucanco rwa Covid-19 rwa AstraZeneca kw'ivuriro ry'i Swinga i Bidibidi muri distrikte ya Yumbe, mu buraruko bwa Uganda.
Mary Nyoka, w'imyaka 65, ariko arahabwa urucanco rwa Covid-19 rwa AstraZeneca kw'ivuriro ry'i Swinga i Bidibidi muri distrikte ya Yumbe, mu buraruko bwa Uganda.

Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu muri Uganda aridogera integuro y’itegeko rizohanisha umunyororo w’amezi arenga atandatu abanka gucandagwa mu gihe c’ibiza vy’ingwara.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji wa Uganda ajejwe urudandazwa yararungitse mu bashingamateka integuro y’itegeko rizoca amande rikazonafunga abanka gukurikiza ingingo zo guhagarika ikwirakwira ry’ingwara zandukira.

Ntaho iryo tegeko rivuga COVID-19, ariko, bizwi ko COVID-19 ari yo ngwara yandukira iri mu gihugu kandi ni yo ihangayikishije amakungu muri iki gihe.

Iryo tegeko mu gihe ryokwemezwa, rivuga ko uwo wese azohishira ingwara yandukira azocirwa amande y’amadolari 850 canke umunyororo w’umwaka. Abayobozi b’amashure bazokwakira abanyeshure badafise icemeza ko bacandazwe, bazohanishwa umunyororo w’amezi arenga atandatu, canke amande y’amadolari 1.100 canke ivyo vyose uko ari bibiri ica rimwe.

Iyi nteguro y’itegeko iri mu minwe y’umurwi w’inama nshingamateka ujejwe ivy’amagara y’abantu. Uwo murwi uzoganira n’abanyagihugu kugira urabe ko ari nkenerwa ko iryo tegeko ryemezwa. @VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG