Uko wahagera

Akanama ka ONU Kajejwe Umutekano Ntikumvikanye kuri Burkina Faso


Akanama ka ONU kajejwe umutekano mu nama yabi i New York
Akanama ka ONU kajejwe umutekano mu nama yabi i New York

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ntikashoboye kwumvikana kw’itangazo bosohorera hamwe kuri kudeta yabaye muri Burkina Faso. Ni inyuma y’inama kagize mu mwiherero kuri uyu wa kabiri, aho bariko baca irya n’ino kuri kudeta yabaye mu kwezi guheze, nkuko vyavuzwe n’abadipolomate.

Urwandiko rw’imfatakibanza rw’ivyo biganiro ruvuga ko abagize ako kanama bashikirije amakenga ku vyabaye bongera basaba ko intwaro ishingiye kw’ibwirizwa shingiro isubizwaho. Basavye kandi ko perezida yakuwe, Roch Marc Christian Kabore arekurwa akidegemvya.

Ako kanama kashigikiye utwigoro turiko turakorwa n’ishirahamwe CEDEAO mu kurondera umuti w’uru ruhagarara.

Mu ndwi iheze, ishirahamwe CEDEAO ryarabangiriye gufata ibihano kuri Burkina Faso ariko risaba ubutegetsi bwa gisirikare gutangaza ikirangamisi co kugaruka ku ntwaro ya gisivile.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG