Uko wahagera

Burkina Faso: Abasirikare Basubijeho Ibwirizwa Shingiro


Umukuru arongoye Burkina Faso, Paul-Henri Sandaogo Damiba
Umukuru arongoye Burkina Faso, Paul-Henri Sandaogo Damiba

Abasirikare bafashe ubutegetsi muri Burkina Faso bavuze kuri uyu wa mbere ko basubijeho ibwirizwa shingiro inyuma y’indwi barihagaritse. Bavuze kandi ko bagenye uwarongoye iyo kudeta, Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba, kuba umukuru w’igihugu mu kiringo c’imfatakibanza.

Iyi ngingo bayifashe inyuma gato y’aho ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rihagarikiye Burkina muri uyo muryango. Ni mu gihe kandi ibihugu vyo muri CEDEAO n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika basabiye ko igihugu kigaruka ku butegetsi bw’abasivile.

Mw’itangazo ryaciye kuri tereviziyo, ako kagwi k’abasirikare kavuze ko igihugu kirongowe na Mouvement Patriotique pour la Preservation et la Restauration, ukaba ari wo uzokirongora mu kiringo mfatakibanza. Ariko ntibavuze ikiringo iyo mfatakibanza izomara. Iri tangazo ryavuze ko ubu butegetsi buzogira ivyegera vya perezida bibiri, ariko nta mazina yabo yatangajwe.

Mu rindi bwirizwa ryasomwe kuri tereviziyo nyene ryavuze ko umukuru w’ibiro vya gisirikare, Gilbert Ouedraogo, yavuye mu kazi.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG