Uko wahagera

Guterres: ONU Iriko Yiruka n'Umwanya mu Kugarukira ku Banyafuganistani


Abanyafuganistani mu mbeho mw'ikambi y'impunzi i Herat muri Afuganistani
Abanyafuganistani mu mbeho mw'ikambi y'impunzi i Herat muri Afuganistani

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yavuze kuri uyu wa kane ko ONU iriko yiruka n’umwanya kugira ikingire amamiliyoni y’abanyefuganistani bashobora kwinjira mu bibazo bikomeye vy’ubutunzi hamwe n’inzara.

Guterres, aho yari ku cicaro ca ONU i New York, yabwiye abamenyeshamakuru ko ivyahora bibeshaho abanyagihugu mu gihugu bitakiriho. Abarenga ica kabiri c’abenegihugu basigaye bafungura ar’uko bahawe imfashanyo. Avuga ko mu gihe amakungu atonyaruka akagira ico akoreye hamwe, ata nkeka Afuganistani igiye kwinjira mu bukene butagira izina.

Guterres yavuze ko ubu muri Afuganistani hageze aho abavyeyi bagurisha abana babo kugira baronke ico bagaburira abandi bana basigaye, kandi amavuriro arwigiriyemwo abana bafise ingwara zo kudafungura neza.

Aka kamo ka Guterres gatewe inyuma y’imisi ibiri ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritunganije inama rukokoma isaba imiriyaridi zitanu z’amadolari zo gufasha imiliyoni 28 z’abanyafuganistani bari mu gihugu n’abari mu bihugu bibanyi bitanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG