Uko wahagera

Ibihugu vy'Abayisilamu Vyemeye Gufasha Afuganisitani


Umushikiranganji wa Pakistani w'imigenderanire n'amakungu, Shah Mahmood Qureshi, hagati, ashimwa ivyashitsweko n'ibihugu vy'abayisilamu i Islamabad, muri Pakistani, kw'itariki ya 19/12/2021
Umushikiranganji wa Pakistani w'imigenderanire n'amakungu, Shah Mahmood Qureshi, hagati, ashimwa ivyashitsweko n'ibihugu vy'abayisilamu i Islamabad, muri Pakistani, kw'itariki ya 19/12/2021

Ibihugu 57 bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Abayisilamu vyiyemeje gushira hamwe mu migenderanire, OIC, vyemeje kuri uyu w’Imana gushiraho ikigega c’amafaranga azofasha abanyafuganistani barembejwe n’inzara hamwe n’ibibazo vy’ubutunzi. Hagereranywa ko amamiliyoni y’abanyagihugu ahanzwe n’ikigoyi hamwe n’abana bagereranwa umuliyoni badafungura uko bikwiye.

Ico kigega kizoronswa intererano kandi y’ibindi bihugu birimwo Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubushinwa, Uburusiya, ubumwe bwa Bulaya hamwe na ONU.

Ibaye inama mpuzamakungu ya mbere ikomeye itunganijwe kugira ifashe abanyafuganistani kuva Abatalibani bafashe ubutegetsi muri Afuganistani.

Umushikiranganji w’imfatakibanza ajejwe imigenderanire muri Afuganistani, Amir Khan Muttaqi, yemereye iyo nama ko Abatalibani bazokora ibirengeye mu kudakumirana muri politike no guteza imbere agateka ka muntu, harimwo n’ak’abakenyezi.

Intumwa ya reta zunze ubumwe za Amerika kuri Afuganistani, Thomas West yavuze ko Amerika yakiriye neza ivyemejwe muri iyo nama cane cane gukorera hamwe mu gufasha banyefuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG