Uko wahagera

ONU Isaba Mali Gutangaza Ikindi Kirangamisi c'Amatora


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres mu kiganiro n'abamenyeshamakuru
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasavye kuri uyu wa kane abasirikare bari ku butegetsi muri Mali gutangaza ikirangamisi c’amatora gishobora kwemerwa, inyuma y’aho ico yatanze co gutunganya amatora inyuma y’imyaka itanu kitemerwa n’amakungu.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze ko agiye vuba kuganira n’abo basirikare. Yavuze kandi ko ariko akorana n’amashirahamwe ya Afrika, iry’ubumwe bwa Afrika hamwe na CEDEAO, kugira bace inzira nyayo izotuma Mali ifata ingingo yo kugabanya ikiringo mfatakibanza.

CEDEAO, mu ndwi iheze yarafashe ingingo yo kwugara imbibe na Mali hamwe n’ibihano vy’ubutunzi. Iyi ngingo yafashwe inyuma y’aho reta mfatakibanza ya Mali ishikiririje ko ikiringo mfatakibanza kizomara imyaka itanu imbere yo gutunganya amatora yari arindiriwe mu kwezi kuza kwa kabiri, itariki 27.

Intumwa idasanzwe y’ubumwe bwa Buraya mu karere ka Sahel, Emanuela Del Re, kuri uyu wa kane yavuze ko ashigikiye ibihano vyafashwe na CEDEAO ariko avuga ko amakungu akwiye kudakumira Mali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG