Uko wahagera

Abishwe n'Abitwaje Ibirwanisho mu Buraruko bwa Nijeriya Barenga 200


Umusirikare yicaye ku modokari ifasha gutwara abana b'abakobwa banyurujwe bakuwe mu mashure muri reta ya Zamfara
Umusirikare yicaye ku modokari ifasha gutwara abana b'abakobwa banyurujwe bakuwe mu mashure muri reta ya Zamfara

Abategetsi muri Nijeriya kuri uyu w’Imana bavuze ko igitigiri c’abantu bishwe mu ndwi iheze mu bitero vy’imigwi yitwaje ibirwanisho muri reta ya Zamfara, mu buraruko bushira uburengero caduze gushika ku barenga 200. Ibi bitero vyatanguye ku musi wa kabiri gushika kuwa kane mu bice bine. Abategetsi bavuga ko benshi mu banyagihugu batazwi irengero gushika ubu.

Abenegihugu bo muri reta ya Zamfara bavuga ko ivyo bitero vy’abasuma kwari ukwihora ibitero abasirikare babakozeko.

Ibitero vy’indege z’abasirikare ku musi wa mbere mu bwihisho bw’abitwaje ibirwanisho mw’ishamba ry’i Gusami vyishe abasuma barenga 100, barimwo abategetsi babo babiri.

Abasuma bari ku mapikipiki barihoye mu mihana y’abanyagihugu, barasa uwo bahuye wese kandi baturira n’amazu yabo. Abategetsi bavuze ko abantu barenga 10.000 bahunze kandi gushika ubu ntibarasubira mu ngo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG