Ubwicanyi ndengerabutungane bushika hafi 400 ni bwo bwakozwe muri Republika ya Demokarasi ya Kongo mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka wa 2021. Ubu bwicanyi burimwo uburenga 10 kw’ijana bwagirizwa inzego z’umutekano za reta. Ibi biri muri raporo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasohowe kuri uyu wa gatatu.
Ibiro vya ONU vy’agateka ka muntu vyavuze ko abakozi ba reta begekwako iyicwa ry’abantu 40 mu kwezi kwa cumi na kumwe, barimwo abagabo 24, abagore icenda hamwe n’abana indwi.
Ivyo biro vya ONU vyatohoje mu kwezi kwa cumi na kumwe ko habaye ihohotera n’uguhungabanya agateka ka muntu bingana 801 muri RDC. Ibi bitigiri vyiyongereye 61 kw’ijana ugereranije n’ukwezi kw’icumi habaye ihohohotera ringana 498.
Ububisha bwinshi bwabereye mu ntara ya Kivu y’uburaruko, hagakurikita Ituri, Tanganyika na Kivu y’ubumanuko. Izi ntara zose ziri mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo, nkuko ONU ivuga. (AFP)
Facebook Forum