Uko wahagera

Uwukekwa Kwica Perezida wa Haiti Yarengutse mu Butungane


Ifoto yerekana perezida wa Haiti Juvenel Moise
Ifoto yerekana perezida wa Haiti Juvenel Moise

Reta ya Amerika yavuze ko yahagaritse umwe mu bakekwa kwica perezida wa Haiti, Jovenel Moïse, yongera imwagiriza icaha co kwica no kunyuruza cakorewe hanze ya Reta zunze ubumwe za Amerika.

Mario Antonio Palacios, umugabo w’imyaka 43, yahoze ari umusirikare wa Colombiya, yagirijwe kandi kuba yaratanze ibikoresho vyakoze muri ubwo bwicanyi. Yarengutse imbere ya Sentare ya Miami muri reta ya Florida kuri uyu wa kabiri. Yafatiwe muri Jamaica mu kwezi kw’icumi.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Haiti, Claude Joseph yavuze ko kubona Amerika yarafashe Palacios ari intambwe igana mu nzira nziza, ariko ahanura abategetsi ba Haiti gukorana na Amerika kugira yoherezwe gukurikiranwa n’ubutungane muri Haiti.

Palacios ni umwe mu barenga 10 bahoze ari abasirikare ba Colombiya bagirizwa kwica Perezida Moïse. Abarenga 40 bakekwa muri ubwo bwicanyi baratawe mw’ibohero, barimwo 19 bahoze ari abasirikare ba Colombiya. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG