Uko wahagera

ONU Yaneguye Ubwicanyi Bwabaye muri Myanmar


Isanamu yerekana imodokari zaturiwe mu gisagara ca Hpruso, muri reta ya Kayah state, Myanmar, kw'itariki ya 24/12/2021
Isanamu yerekana imodokari zaturiwe mu gisagara ca Hpruso, muri reta ya Kayah state, Myanmar, kw'itariki ya 24/12/2021

Akanama k’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kajejwe amahoro n'umutekano, kuri uyu wa gatatu kaneguye ubwicanyi bwabaye mu ndwi iheze muri Myanmar aho abantu barenga 30, barimwo abakozi babiri b’ishirahamwe ry’abagiraneza ry’abongereza, Save the Children bagandaguwe.

Ubwo bwicanyi bwabaye buca ari Noheli, muri reta ya Kayah iri mu buseruko bw’igihugu, aho abarobeli baharanira demokarasi bamaze igihe barwanya igisirikare, cafashe ubutegetsi ku nguvu mu kwezi kwa kabiri.

Mw’itangazo ryayo ryo kuri uyu wa gatatu, inama ya ONU ijejwe umutekano yashimitse ivuga ko abakoze ubwo bwicanyi bashengezwa imbere y’intahe. Basavye ko ubwicanyi bwose buhagarara vuba kandi ko agateka ka zina muntu kubahirizwa hamwe n’umutekano w’abasivile.

Abarwanyi barwanya akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi bavuze ko batoye ibiziga vy’abantu birenga 30 vyaturiwe, harimwo abagore n’abana, kw’ibarabara rikuru muri iyo reta ya Kayah inyuma y’ico gitero.

Abakozi babiri ba Save the Children bavuzwe ko baraburiwe irengero, ariko ku musi wa kabiri niho vyamenyekana ko bari mu bishwe.

Myanmar iri mu ruhagarara kuva habaye kudeta mu kwezi kwa kabiri, aho abantu barenga 1.300 bishwe n’abajejwe umutekano, nkuko amashirahamwe akurikiranira hafi ibiba muri ico gihugu avuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG