Uko wahagera

Sudani: Abitwaje Inkoho Basahuye Ibifungurwa vya PAM muri Darfur


Umunyetiyopiya w'impunzi mw'ikambi y'i Um-Rakoba ku rubibe Sudani ihana na Etiyopiya. Kw'itariki ya 23/11/2021
Umunyetiyopiya w'impunzi mw'ikambi y'i Um-Rakoba ku rubibe Sudani ihana na Etiyopiya. Kw'itariki ya 23/11/2021

Muri Sudani, abagabo bitwaje ibirwanisho bataramenyekana basahuye ububiko bw’ibifungurwa bwa porogaramu ya ONU yita ku bifungurwa kw’isi, PAM. Ubwo bubiko bwarimwo hafi amatoni 1.900 y’ibifungurwa vyari bigenewe abanyagihugu muri Darfur, nkuko abategetsi babivuze kuri uyu wa gatatu.

Abanyagihugu b’i El Fasher, ku murwa mukuru wa reta ya Darfur y’uburaruko, bavuze ko bumvise ibikoho binini binini bisamirana hafi y’ubwo bubiko mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri. Itororokanirizo ry’amakuru rya reta, SUNA, ryavuze ko abategetsi baciye bategeka abanyagihugu kudatembere mw’ijoro.

Umutegetsi wa PAM yavuze ko iryo shirahamwe ririko rirasuzuma ivyibwe, vyangana itoni 1900 z’ibifungurwa vyari bigenewe ba ntahonikora muri Darfur.

Umuhuzabikorwa wa PAM muri Sudani, Khardiata Lo N'diaye, yavuze ko umuntu umwe kuri batatu muri Sudani akeneye imfashanyo, ku buryo ibikorwa bigayitse nk’ivyo bitari bikwiye.

Buramatari wa Darfur, Mini Minawi yavuze ko abakoze ubwo busuma bazobihanirwa imbere y’ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG