Uko wahagera

COVID-19: Amerika Yemeje Ikoreshwa Ryihuta ry'Ikinini Paxlovid


Ifoto yerekana Ikinini Paxlovid kivura Covid-19
Ifoto yerekana Ikinini Paxlovid kivura Covid-19

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu yemereye ikinini co kuvura Covid 19 cahinguye n’ishirahamwe Pfizer ko gihabwa abanduye uwo mugera.

Ni mu gihe ubwoko bushasha bwa Omicron bwateye ubwoba abanyamerika muri ibi bihe vy’imisi mikuru yo kurangiza umwaka.

Ico kinini citwa Paxlovid, cahawe uburenganzira bwo kuba kirakoreshwa mu buryo bwihuse n’ikigo ca reta cemeza ibifungurwa n’imiti, FDA. Iki kinini cemewe inyuma y’igeragezwa ryaco ryerekanye ko kigabanya abantu binjira ibitaro hamwe n’abapfa ku bice 88 kw’ijana.

Perezida Joe Biden yavuze ko agiye gushiraho itegeko rizofasha kugira ihinguriro Pfizer rinyarutse kugwiza ivyo binini. Ikigo FDA kivuga ko iki kinini kije gusahiriza incanco za Covid-19 atari kuzisubirira.

Ikigo c’ubumwe bwa Bulaya kijejwe kugenzura imiti mu ndwi iheze caremereye ibihugu vyo muri uyo muryango gukoresha ico kinini ca Pfizer imbere yuko inzego zibijejwe kicemeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG