Uko wahagera

Umuti wa Mbere wo Kuvura COVID-19 Urarindiriye Kwemezwa


An experimental COVID-19 treatment pill called molnupiravir

Ihinguriro ry’imiti Merck ryo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ryasavye Amerika kwemeza ibinini vyaryo vyo kuvura abanduye COVID-19. Mu gihe ivyo binini vyokwemezwa woba ari umuti wa mbere wo kunywa wa Covid-19 utanguye guhabwa abarwayi bayo.

Ihinguriro Merck ryavuze ko mw’igerageza ryakoze ku bantu batasinzikajwe cane na Covid-19, uwo umuti waryo w’ikinini, witwa molnupiravir, ugabanya ibitigiri vy’abinjira ibitaro kandi ugabanya abicwa n’uwo mugera ku bice 50 kw’ijana.

Haruhande y'ivyo, Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, rihanura ko abantu b’amagara make kandi badafise ubudahangarwa bw’ingwara bafata doze ya gatatu y’urucanco rwa Covid-19.

Umurwi w’abahanuzi ba OMS mu bijanye n’incanco wavuze ko iyo doze ya gatatu izofasha cane uwo murwi w’abantu kuko bafise amahirwe manini yo kwandura COVID-19, n’inyuma yo guterwa doze ya kabiri. Uwo murwi w’abahanuzi wasavye kandi ko iyo doze ya gatatu yoterwa abantu bafise imyaka irenga 60 batewe incanco zahinguwe n’amakompanyi y’abashinwa, Sinopharm na Sinovac. Banegura ko izo ncanco zidakora neza uko bikwiye.

Ariko uwo murwi wa OMS ntaco wavuze ko iyo doze ikwiye guterwa abantu bose muri rusangi.
(AP, Reuters, AFP).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG