Uko wahagera

COVID-19: Nijeriya Yataye Incanco Zegereje Guta Igihe


Imashini zisambura incanco za AstraZeneca i Abuja, Nijeriya, kw'itariki ya 22/12/2021
Imashini zisambura incanco za AstraZeneca i Abuja, Nijeriya, kw'itariki ya 22/12/2021

Nijeriya yataye incanco za COVID-19 za AstraZeneca zirenga umiliyoni zari zegereje itariki ya guta igihe. Faisal Shuaib, arongoye ikigo co guteza imbere igisata c’amagara y’abantu muri Nijeriya yavuze ko ibi vyakozwe kuko ata yandi mahitamwo yari agisigaye. Yavuze kuri uyu wa gatatu ko ibihugu bikize vyahaye Nijeriya incanco zari zegereje guta igihe.

Ibice 2 kw’ijana vy’imiliyoni 206 z’abanyenijeriya ni bo bamaze guterwa incanco zose zisabwa. Abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu bavuga ko bihaye intego yo kuzoba bacandaze ica kane c’abanyagihugu bose mu kwezi kwa kabiri. Ariko naho ugutinya izo ncanco kwiyongereye mu banyagihugu, ntacabujije ko abicandagishije mu ndwi iheze biyongereye incuro zibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG