Uko wahagera

OMS: Abanduye Covid muri Afrika Biyongeye 83% mu Ndwi Iheze


Dr. Matshidiso Moeti, Umuyobozi wa OMS muri Afrika
Dr. Matshidiso Moeti, Umuyobozi wa OMS muri Afrika

Abandura umugera wa corona bariyongereye bikomeye mu ndwi iheze ku mugabane wa Afrika, ariko abapfa ni bake ugereranije n’ibindi bihe bihitiye. Ishirahamwe mpuzamakungu ryika ku magara y’abantu, OMS, ryabivuze kuri uyu wa kabiri.

Indwi iheze yabonetsemwo abanduye biyongereye ku bice 83 kw’ijana, aho Afrika y’epfo yaronse abiyongera ku bice 66 kw’ijana.

Umuyobozi wa OMS ku mugabane wa Afrika, Dr Matshidiso Moeti, yavuze ko kubera abafata inkingo ari bake ivyo bitigiri bishobora kwiyongera.

OMS igereranya ko bizofata gushika mu kwezi kwa gatanu 2022 kugira hazobe hacandazwe ibice 40 kw’ijana vy’abantu muri Afrika, no gushika mu kwezi kwa munani 2022 kugira Afrika ishike kuri 70 kw’ijana vy’abazoba baracandazwe.

Gushika kw’itariki ya 13 y’ukwezi kwa cumi na kabiri, ibihugu 20 gusa vya Afrika ni vyo vyari bimaze gucandaga ibice 10 kw’ijana vy’abanyagihugu bavyo. Ni mu gihe OMS yari yihaye ihangiro ko ivyo bitigiri vyari gushikwako mu kwezi kw’icenda k’uyu mwaka wa 2021.

Ku rwego rw’isi, abantu barenga 2.700 ni bo bamaze kwandura ubwoko bushasha bwa Covid bwiswe Omicron mu bihugu hafi 60, birimwo 11 vyo muri Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG